11 BAGIYE KUBANZAMO HARACA UWAMBAYE HAGATI YA LIVERPOOL FC NA REAL MADRID FC.

Ibara ry'umutuku niryo ryiganje mu kirere cy'ubufaransa hagiye kubera umukino wa nyuma wa Champions League abafana LIVERPOOL na REAL MADRID buzuye stade abandi imihanda binjira aho umukino ugiye kubera.

Haraca uwambaye uyu munsi mu mukino w'ishiraniro ubura iminota mike aya makipe yombi akesurana.

Ni imiriro mu kirere indirimbo izwi cyane nka "You will never walk Alone" iririmbwa n'abafana ba LIVERPOOL FC yabaye intero imbere muri stade ubwinshi bwabo bwazamuye umurindi uruta uwabavuye i Madrid bambaye umweru de.

Cumi n'umwe baza kubanzamo kurhande rwa Liverpool yo mu bwongereza ni umuzamu Allisson,myugariro Arnold,Konate,Van Dijk,Robertson hagati hakazamo kapiteni Henderson Fabinho,Thiago,Diaz ku busatirizi Mane na Salah mu mutuku nyawo.

Real Madrid mu myeru yayo haraza kubanzamo umuzamu Curtois,imbere ye Militao,Carvajaal kuruhande na ALABA,hagati hari Kroos,Modric,Casemiro,Valverde,Mendy ku busatirizi Vini Jr. na Benzema ubayoboye.

Uyu mukino uraza kuba utoroshye nyuma yuko aya makipe yombi yaciye mu nzira y'inzitane ngo agere ku mukino wa nyuma akuyemo ibindi bigugu.

Si ubwa mbere Liverpool Fc ihuriye na Real Madrid  ku mukino wa nyuma w'iri rishanwa rihuza amkipe akomeye ku mugabane w'iburayi kuko mu mwaka wa 2018 ikipe ya Real Madrid yatwaye Liverpool Fc igikombe kuri ubu ishaka kwihimura.